Umurwi wa EAC wahagarariye amatora muri Tanzania uvuga ko amatora yagenze neza muri rusangi naho hari abatavuga rumwe na reta ya Tanzania batameye ivyavuye muri ayo matora.
Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’uwahagarariye uwo murwi wa EAC wacungereye amatora yo mu gihugu ca Tanzania ariwe Ntibantunganya Sylvestre yahoze arongoye Uburundi yavuze ko vyagneze neza.
Amakuru ava muri tanzania amwe akavuga ko abatavuga rumwe na reta ya magufuli basimbiye ku barorerezi ba EAc maze barababwira ko ivyo bariko bakora atarivyo kubera bashigikiye ubusuma bw’amatora.
Umukuru w’igihugu ca Tanzania akaba ariwe yatahukanye intsinzi naho abatavuga rumwe na reta yiwe bavuga ko ayo matora yibwe mu buryo bugaragara.
Uwuhagarariye abatavuga rumwe na reta ariwe Tindu Lissu akaba ahamagarira umurwi utegura amatora muri Tanzania kuyasuybiramwo mu muco wose.
Naho EAC muri rusangi yavuze ko amatora yagenze neza muri Tanzania, abatavuga rumwe na reta ahamagarira abanyagihugu ba Tanzania kuja mu mababarabara kwiyamiriza ivyavuye mu matora.
Mwomenya ko igiplisi ca Tanzania camaze kugabisha uwo wese mu ba Tanzania azohirahira akaja mw’ibarabara ko azokwibonerako.
"Le processus électoral s’est globalement déroulé de manière régulière.", conclut la Mission de la @jumuiya pour l’Observation des Elections du 28 Oct 2020 en #Tanzanie, conduite par @ntibasy, ancien Président de la République du #Burundi, et remportées par @MagufuliJP du #CCM. pic.twitter.com/Bwq2l8OF0I
— Burundi Net Media (@BurundiNet1) November 2, 2020