Muganga Jean Minani, arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na Leta y’I Gitega, aheruka kuvugira kw’i radiyo BBC ko azotiza inzu yiwe i hotel Top Hill iri i Kiriri abanywanyi b’umugambwe CDP barongowe na Anicet Niyonkuru bariko baritegurira gutaha.

Ivyo bikaba vyaratangaje abatari bake bakibaza ko muganga Yohani Minani nabo barikumwe bagiye gutaha i Burundi kugira bitegurire amatora yo mu 2020. Ayandi makuru avuga ko Yohani Minani arikumwe na Bernard Busokoza, umudasigana yahoze aricegera ca mbere c’umukuru w’igihugu basavye ko boronswa indishi yakababaro ingana amamiliaridi 600 y’amarundi kuva aho amazu yabo afatiwe n’ubutungane bw’Uburundi bubagiriza kuba baragize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2015.
Abakurikirana politike yo m’Uburundi bakabona ko bamwe mur’abo banyepolitike batavuga rumwe na Leta ko boba barakuweko imitahe mpuzamakungu ibahagarika.





Recent Comments