Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera.
Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho.
Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.
Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu.
“Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga.
Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho.
“Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat.
Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara.
Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya?
Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj
— Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019