Umuhari Red Tabara uriyemerera ko ariwo wagavye ibitero mu hingo myinshi

0

Ivyo bivugwa na Patrick Nahimana avugira uwo muhari wafashe ibigwanisho. Akaba yabivugiye kuri radio y’abanyamerika VOA. Uwo Patrick Nahimana akavuga ko inzira zose zo kuganira zazibiwe ko hasigaye kuvugisha umuheto. Ariko aragwa akagaruka akavuga ko hamwe Let aya Gitega yohamagaza ibiganiro vy’ukuri intambara ishobora kutaba.

Kukibazo naho ko abanyagihugu b’inzirakarengane bahitanwa niyo ntambara, Patrick Nahimana avuga ko intambara zose zihitana abenegihugu ariko ko ikiza vyinshi inyuma yaho, akavuga ko birinda guhitana abanyagihugu, ati ariko uwija imbere y’abasirikare ba Leta aba ari imbonerakure.

Igisirakare c’Uburundi kikaba ataco kirabivugako kireste abategetsi bamwe bamwe bamenyesha ko aba bantu ari abasuma baba bateye.