Urubanza rw’abagirizwa kwica Président Melchior Ndadaye ruriko rurumvirizwa i Gitega

0

Aho ni kuva kur’uyu wa gatatu aho abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye mu mwaka wa 1993 barengutswe kandi muri sentare yiyungururizo y’i Gitega. Abasirikare bashika 20 bakaba bagirizwa ico caha, bane akaba aribo bafashwe barafungwa mu mabohero atandukanye yo hagati mu gihugu.

Abandi bakakaba baratse ubuhungiro mu bindi bihugu harimwo uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya yari yatsinzwe mu matora yo mu mwaka wa 1993. Kur’uyu wa kane hakaba humvirijwe General Célestin Ndayisaba batazira Kibadashi.

Urwo ruabanza rukaba rwari rwashizwe muzizokumvirizwa n’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi. Ivyo bikaba vyari vyumvikanyweko n’abanyepolitike mu masezerano y’i Arusha. Ariko ubutegesti bwa CNDD-FDD bukaba butavyumva uko bukavuga ko atarubanza rubora naho haca imyaka ingana gute.

Ababuze abantu muriryo hirikwa bakaba nabo batanyuzwe nuko hahanywe abasoda batoto bato nabo nyene bakahava barekurwa kubera amasezerano ya Arusha. Ababuze ababo nabo inyuma yicwa rya Président Melchior Ndadaye mu bwicanyi bwaciye bwaduka nabo nyene bakaba barindiriye ubutungane kuko abari barafunzwe baciye barekurwa kubera amasezerano ya Arusha.