Abavuza ingoma n’amaradiyo mu mashengero no mu bubare bagabishijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Iterambere rusangi hamwe n’umutekano w’igihugu.
Ivyo vyavuzwe n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi, Moise Nkurunziza igihe yariko ashikiriza ibitenge birenga 1300 vyafashwe vyinjijwe mu Burundi mu buryo bwa magendo bivuye mu gihugu ca Kongo vyinjira mu ntara ya Cibitoki mu burengero bushira uburaruko bw’Uburundi, hari ku musi w’ejo.
Moise Nkurunziza akaba yaragarutse cane cane ku banya madini bavuza ingoma n’amaradiyo mu mashengero yabo hama bakabuza amahoro ababanyi baba begereye aho izo ngoma n’amaradio bivugrizwa.

Ububare kandi nabwo nyene yarabugabishije ko bwoheba birya vyo kuvuza amaradio mw’ijoro(tapage nocturne) cane kubera ko abahegereye badaheza ngo baronke ukuruhuka neza.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bukaba buvuga ko guhera ubu abazofatwa bazoca bugarirwa mu kiringo kinaka gushika bagiye kubisigura impamvu barenga ku mategeko mu kubuza amahorao abandi bantu.
Mwomenya ko mu misi yaheze, habaye amatati hagati y’abanyagihugu n’ishengero kanaka ryagirizwa kubuza amahoro abanayagihugu baba hafi yaryo kubera ukuvuza umuziki mwishi cane kandi kw’ijwi ryo hejuru.
Mwe mubona ko iyo ngingo ije hageze?





Recent Comments