Imyaka itanu irarangiye hahatswe guhirikwa ubutegetsi

0

Hari kw’igenekerezo rya 13 rusama 2015 nk’isaha 7 z’umurango niho hasamirana ijwi rya general Godefroid Niyombara kw’iradiyo Bonesha Fm. Ico gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yarishushe ikaba yatanguye itariki 26 ndamukiza 2015. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bari mu myiyerekano bakaba baciye bihereza amabarabara bagana hagati murico gisagara na cane cane ahari iradiyo nkuru y’igihugu. Ico gihe Président Nkurunziza akaba yari yaraye yitavye inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere mu gihugu ca Tanzaniya, ingendo atasubiye gufata kuva ico gihe.

Abo bavuga ko bahiritse ubutegetsi bakaba baciye baja kw’iradiyo nkuru y’igihugu kugira bayifate bongere bayivugireko ariko vyarabataye kuwamazi kuko bahasanze abasirikare bagishigikiye intwaro ya Petero Nkurunziza, baciye baja kw’iradiyo RPA naho baravuga ko bahiritse ubutegetsi mugabo ubona ko hari ivyabagoye. Iyo radiyo ikaba yaciye isamburwa iraraswa ibisasu bikomeye cokimwe n’iradiyo Bonesha na Isanganiro mur’iryo joro nyene.

Niho rero haba imigwano kw’iradiyo nkuru y’igihugu hagati y’abasirikare bashigikiye ubutegesti nabavuga ko babutembagaje, abo banyuma bahavuye babona ko bitagikunze baca barahunga. Niho Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, General Prime Niyongabo, yavugira kur’iyo radiyo nkuru y’igihugu ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bateshejwe ahubwo ko bokwishikana. General Godefroid Niyombare akaba yarabuzwe irengero ariko abo barikumwe bakaba baciye bafatirwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika muri zone Kinindo.  Imyiyerekano yarimaze indwi zitatu ikaba yaciye irangira.