Umugwi W’Abamenyeshamakuru Batagira Imbibe(RSF) Urasaba Leta Y’Uburundi Kwugurura Ibimenyeshamakuru Vyugawe.

0

Ingingo iheruka gufawa n’Ikigo kijejwe gucuncera uko ibimenyashamakuru bikora mu Burundi,CNC, yo kwambura ibinyamakuru bine uburenganzira bwo gukora akazi kabo ko kumenyesha amakuru hamwe no guhagarika iradiyo kudakora mu kiringo c’amezi atatu, izogira ingaruka zibabaje cane mu gihugu aho ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwari busanzwe butubahirijwe,niko Umugwi w’Abamenyeshamakuru Batagira Imbibe(Reporters Sans Frontières) bamenyesheje ejo ku musi wa gatanu itariki 13 Gitugutu 2017.

Mu gufata iyo ngingo ku wa 28 Nyakanga 2017, Aimée-Divine Niyokwizigirwa, Icegera akongera akaba umuvugizi wa CNC, yamenyesheje ko amaradiyo atatu ariyo Radio Bonesha FM, Radio y’Abanyagihugu RPA na Radio Tele Renaissance ko uburenganzira bwabo bwo gukora bufuswe kubera ayo maradiyo yamaze ikiringo c’amezi atatu adakora, kandi “ akaba ataratunganya ibintu abazwa mu bijanye n’ubutungane”.

Ukwakwa uburenganzira bwo gukora kuri ayo maradiyo atatu kurabangamiye agateka ko kumenyesha amakuru mu Burundi, kubera ko iyo ngingo yafashwe no ku makuru yacishwa ku mihora ngurukana bumenyi yahora ikoreshwa n’ivyo bimenyeshamakuru vyugawe. Aimée-Divine Niyokwizigirwa yabwiye Reporters sans Frontieres ko n’imihora yabo ya Internet bacishako amakuru yugawe kubera iyo ngingo ya CNC.

Ku bwa RSF, abamenyeshamakuru bahora bagirizwa gukora mu buryo budaciye mu mategeko, ubu hoho hagiye kuboneka ivyitwazo bifashe vyo kubiruka inyuma ko bakora mu buryo butajanye n’amategeko. “Mu kubaka uburenganzira bwo gukora umwuga wabo, CNC iriko ikuraho icizere cose co gusubira gukora muri kazoza kw’ayo maradiyo, naho ayo maradiyo yari amaze imyaka ine atanga inyishu ku banyagihugu ku bibazo vyabo bataronka uko bazironka ku bategetsi barongoye igihugu”, niko RSF yamenyeshehje.

RSF yongeyeko iti: “CNC iriko irafasha Leta y’Uburundi kubandanya umugambi wayo wo kuburagiza ukugwiragira kw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Naho babihakana, abategetsi b’Uburundi ntibemera na gato ivyiyumviro biza bivuga nabi ku vyerekeye umutekano w’igihugu”.

Bikibukwa ko igihuguu c’uburundi casubiye inyuma ibibanza 15 ku rutonde rwa RSF (World Press Freedom Index ) rw’ibihugu vyubahiriza uburenganzira bwo kumenyesha amakuru; ubu Uburundi bukaba buza mu kibanza ca 160 ku bihugu 180 mu bijanye no kwubahiriza uburenganzira bwo kumenyesha amakuru.