Lavrov na Nyamitwe Mu Kiganiro Kibahuza Mu Burusiya.

0

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe, ari kumwe na mugenziwe w’Uburusiya, Sergei Lavrov; aho bariko baganira kuri uyu musi wa kane itariki 12 Gitugutu 2017 mu gihugu c’Uburusiya ku bijanye n’utwigoro twokorwa mu bijanye no kurwanya iterabwoba.

Nkuko Ikinyamakuru co mu Burusiya TASS News Agency kibimenyesha, abo bategetsi uko ari babiri bitezwe kuganira ku bijanye no guteza imbere imigenderanire hagati y’Uburundi n’Uburusiya bafise intumbero yo gushiraho ingingo zifadika mu bijanye no gukorana mu vya Politike,mu vy’imibano hamwe no mu bindi bisata.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’Uburusiya bwamenyesheje ko ‘abo bashikiranganji uko ari babiri bazoyaga ku bijanye n’ibibazo bihanze isi yose na cane cane mu bijanye no kurwanya iterabwoba, ku mugabane wa Afrika, nko muri RDC, Centrafrique, Sudani y’Epfo na Somaliya’. Uburusiya buramaze kumenyesha ko bwiteguriye no gufasha mu bijanye no kubungabaunga amahoro n’umutekano ku mugabane wa Afrika.

Soma kandi: Ibihugu Vya Iran N’Uburundi Vyemeje Ku Mugaragaro Gukorera hamwe Mu Vya Politike n’Ubutunzi.

Abo bashikiranganji kandi bitezwe kuyaga ibijanye no gukorera hamwe mu bijanye n’ubudandaji, ivy’ama banki hagati y’ivyo bihugu bibiri.Inyuma y’igihuhusi ca Politike kuva muri Ndamukiza 2015, Uburusiya na leta y’Uburundi bisanzwe bifitaniye imigenderanire ya hafi cane, na cane cane mu bijanye no kugwanya ukwisuka muri politike y’ibindi bihugu. Abo bashikiranganji bakaba kandi bitezwe kuyaga ku bijanaye no gutanga ubumenyi ku banyeshure b’abarundi mu gihugu c’Uburusiya.

Ku bwa Moscou, Alain Aimé Nyamitwe yitezwe kuvuga mu buryo bwagutse kandi buboneka ibisata ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya vyokorera hamwe mu bijanye n’imigenderanire.