Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi uvuga ko ‘intwaro itahindutse’

0

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi uvuga ko ‘intwaro itahindutse’ naho hagiyeho umukuru w’igihugu mushasha atwara Uburundi.

Doudou Diene asanzwe aserukira umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi amenyesha ko naho haje umukuru w’igihugu mushasha , hagumyeho wewe ico yise ‘umwungu wa rwa ruyuzi‘ tubivuze mu majambo atahiritse.

Doudou Diene avuga ko naho inzego zisa nizahindutse mu gihugu c’Uburundi hagumye hari abategetsi bakurikiza canke bashaka kugarukana ‘inzinguzingu y’agahahazo‘ gakorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi’.

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ubona ko hagarutse ‘abategetsi bamwe bamwe biboneka ko babangamiye amahoro n’umutekano’ mu gihugu c’Uburundi, bamwe bamwe bakaba basanzwe bari musi y’ibihano vya Amerika na Buraya.

Umugwi wa ONU kandi ukora amatohoza ku Burundi ubona ko ‘agahahazo ataho kagiye mu Burundi’ kubera ko abagiriwa amabi mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 aribo nyene bamwe bamwe bagarukanywe muri ya leta y’Uburundi.

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi washinzwe mu mwaka wa 2016 aho ONU yawushizeho kugira ngo itohoze ku mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 aho haba imyiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya Petero Nkurunziza.