Ishirahamwe FOCODE ririyamiriza ifatwa ku nguvu no kunyuruza abantu

0

Abantu 15 baramaze kumenyekana ko bagandaguwe murizi ndwi zibiri ziheze. Ikibabaje cane nuko murabo abigeme bafatwa kunguvu bagaca bicwa abandi bagacibwa imitwe. Umukozi wa AFRITEXTIL yitwa Chistophe Ntibaresha akaba nubu ataratorwa irengero inyuma yaho anyurujwe. Amatohoza yambere akerekana ko hari ukutumvikana hagati y’abakozi biryo hinguriro rikora ibitenge.

Igipolisi kikavuga ko kikiri mu matohoza ariko ababisha ntibafatwe. Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE, riharanira agateka kazina muntu abona ko bitangaje kubona abantu bicwa bafatwa kunguvu abandi bakaburwa irengero hari igipolisi. Arasaba umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, ko yokwerekana ubudasa mu kurwanya ubwicanyi.