UBM News ads

Ishure ry’abafaransa m’Uburundi ryugaye imiryango yaryo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyabaye kur’uyu wakabiri mugatondo aho umwigisha akora kur’iryo shure yamenyesheje abo bakorana ko yoja gupimwa kuko aho yahora mu Rwanda ku matariki y’indwi n’umunani ntwarante umugenzi wiwe w’umukobwa bamutoye ingwara y’ikiza ariyo coronavirus iteye ubwoba isi yose.

Uwo muzungu akaba yaciye ajanwa muri hôtel Source du Nil gupimwa imisi 14. Abarongoye ishure ry’abafaransa m’Uburundi bakaba baciye bafata ingingo yo kurungika abanyeshure muhira.

Mwomenya ko kur’uyu wambere, umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Thaddée Ndikumana, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru yamenyesheje ko abantu bashika 60 bamaze gushikanwa mw’ihoteli Source du Nil kugira bapimwe, ati kumupaka naho Uburundi buhana n’ibindi bihugu uwunjiye arapimwa kugira ntiyanduze abandi.

Muganga Thaddée Ndikumana akavuga ko gushika ubu atamugwayi wa coronavirus ariboneka m’Uburundi. Abivuga uko mu gihe mu gihugu c’Urwanda hamaze gutorwa abantu 7 bagwaye ico kiza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments