Umuganga yashize ahabona umugera Coronavirus yapfuye

0

Umuganga wo mu gihugu c’Ubushinwa yashize ahabona umugera wa Coronavirus yahavuye apfa ahitwanwe nico kiza nyene.

Amakuru ashirwa ahabona na CNN amenyesha ko uwo mudogiteri wo mu Bushinwa yitwa Li Wenliang yatanguye gushira ahabona uwo mugera mu gisagara Wuhan cabangamiwe cane ubwa mbere nuwo mugera wa Coronavirus.

Amakuru akamanenyesha ko abategetsi hamwe n’igipolisi vyo mu Bushinwa vyagerageje kumubuza gushira ahabona ivyereyekeye iyo ngwara maze iruhuka itanguye kwiha inkumbi.

Gushika ubu uwo mugera wa CoronaVirus umaze kwica abashika ku 560 hamwe no kwambukiza abashika ku 28 000 mu gihugu c’Ubushinwa.

Li yatanguye gushira ahabona ibijanye nuwo mugera mu kwezi kwa Kigarama itariki 30 mu mwaka wa 2019 aho yabwiye abaganga bagenziwe ko bokwirinda ikiza gishasha cadutse maze aca arahagarikwa na bagenziwe umunani ko ariko akwiragiza urusaku.

Li akaba apfuye afise imyaka 34. iyo nkuru yuko ariwe yatanguye gushira ahabona uwo mugera yayandikiye ku musego aho yari arwariye aremvye kubera uwo mugera.

Mu Burundi, umuserukizi w’Ubushinwa mu Burundi, Li Changlin, akaba amaze kumnenyesha ko Abarundi bafata ingendo baja mu Bushinwa boba barabangira gushika basubiriye kubimenyeshwa bushasha.