Buramatari wa province Rumonge asaba isubirwamwo ry’ibarabara Rumonge-Bujumbura

0

Ivyo akaba yabivuze mu gihe iyo ntara nshasha ya Rumonge yavuye ku ntara ya Bururi yariko irahimbaza umusi mukuru w’Ubumwe kur’uyu wa gatatu itariki 5 ruhuhuma. Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, akaba yarishikiye mur’iyo ntara mu kwifatanya n’abenegihugu biyo ntara mu guhimbaza uwo musi mukuru.

Juvenal Bigirimana, buramatari w’intara ya Rumonge, mw’ijambo ryiwe akaba yasavye kw’iryo barabara rya Bujumbura-Rumonge rica ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ryosubirwamwo kuko kera ryagendwa iminota 45 ariko ubu bifata iminota irenga 120 kandi n’imodoka zikahononekarira.

Juvenari Bigirimana yarasavye kandi ko ikigo OBUHA catwaye amahera yo gutegura amakaritiye mashasha yo mu gisagara ca Rumonge co nyarutsa kugira abayatanze batangure kubaka amazu yabo. Juvenal yaramenyesheje ko abenegihugu bo mu Rumonge bunze ubumwe koko ngo imigambwe n’amadini n’amasoko ubisangamwo ubwoko bwose.

Pascal Nyabenda nawe ahejeje gusoma ubutumwa yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu yamenyesheje kwazoguma ashigikira iyo ntara nshasha mu gihe cose uburyo buzoboneka.