Mu ntara ya Gitega ba ntaho nikora baguma biyongera

0

Ivyo n’ivyashikirijwe n’abatwara amakomine 7 yo mu ntara ya Gitega inyuma yiyandikwa rya bantaho nikora mura makomine ryakozwe n’ishirahamwe MEMISA Belgique. Abo batwara amakomine  bakavuga ko hari abiyandikisha batari bantaho nikora, bakibutsa abo benegihugu ko kwitwa ntaho nikora ko bitaryoshe cane.

Muganga Edouard Nkurunziza, aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe MEMISA Belgique, avuga ko bagiye gusuzuma neza abari naho nikora koko mu ntumbero yo kubaha agakarata ko kwivuza kubuntu. Edouard Nkurunziza akavuga ko ako gakarata kagiye gutangirwa kwa muganga mu ntumbero yo kugabanya igitigiri cabiyandikishije.