Umugambwe UPRONA usaba igihugu c’Ububiligi indishi y’akababaro k’urupfu rwa Rwagasore

0

Ivyo vyavuzwe mw’itangazo Abel Gashatsi, umukuru w’umugambwe UPRONA, yashikirije kur’uyu wa kabiri itariki 13 gitugutu 2020 aho Abarundi bibuka igandagurwa ry’uwaharaniye kugaruza intahe yo kwikukira, umuganwa Rwagasore Rudoviko (Louis).

Abel gashatsi akavuga ko igihugu c’Ububiligi  gifise uruhara mw’igandagurwa ry’uyo mukuru wambere w’umugambwe UPRONA. Rwagasore Louis akaba yastinze amatora y’abashingamateka yo mu mwaka wa 1961 nawe aca ashingwa amabanga y’umushikirangoma wambere. Ariko ntanukwezi yamaze kuko yaciye agandagurwa i Bujumbura itariki 13/10/1961. Abakoze ico caha gikomeye bakaba barafashwe mugabo abatanze uburyo n’abateguye iryo gandagurwa bakaba batafashwe naho abo baciriwe urubanza rwo gupfa basize bavuze ababatumye.

Abel Gashatsi akavuga ko Ububiligi bwemeye ko bwagize uruhara mw’igandagurwa rya Patrice Emery Lumumba, uwaharaniye intahe yo kwikukira mu gihugu kibanyi ca Congo. Ko rero nivyo vyoba k’Uburundi, Ububiligi bugasaba ikigongwe kandi bugatanga indishi y’akababaro. Igihugu c’Ububiligi kikaba caramenyesheje ko cashinze umurwi wo gutohoza k’urupfu rw’umuganwa Rudoviko Rwagasore.