‘Abasatirizi, Imbonerakure, kugaburira amafi yo mu kiyaga’ nivyo biyagwa inyuma y’ijambo rya Nkurikiye

0

Inyuma y’aho umuvugizi w’igipolisi ariwe Petero Nkurikiye avugiye ko abantu bari ku butaka bw’Uburundi bavuga ikinyarwanda bakwiye gufatwa, ibintu vyahinduye isura ku mbuga ngurukana bumenyi.

Mu majambo yakwiragiye cane kuri WhatsApp aboneka kuri iyi foto twabarondereye avuga ko ‘imbonerakure zohagabira mu gutuza umwansi(mujeri), zisatire, maze bibaye ngombwa amafi yo mu kiyaga agaburirwe’.

Iyo mvugo rero ya Petero Nkurikiye ikaba yavyuye impari ku kibazo c’umubano mwiza hagati y’Uburundi n’Urwanda na rirya imigenderanire atari myiza.

Mu kuvuga gutyo, ibiinyamakuru vyo mu Rwanda bikaba vyaciye bivuga ko reta ya Ndayishimiye iriko yerekana ko idashaka kubana neza n’urwanda.’

Imvugo ngo ‘kugaburira amafi yo mu kiyaga’ si irya mbere ishizwe ahabona canke ikoreshejwe n’abategetsi bamwe bamwe ba CNDD-FDD.

Turibuka umutegetsi araho wo muri CNDD-FDD yavuze ko ‘abarwanya reta ya Nkurunziza ico gihe ko boterewe mu kiyaga Tanganyika maze amafi akirira’ vyatumye haba icuka kibi cane hagati ya reta y’ico gihe n’abatavuga rumwe na reta.