Umugambwe CNL utewe amakenga n’ingabisho z’ubushikiranganji bw’umutekano

0

Naho Ubushikiranganji bw’umutekano bugabisha umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, uwo mugambwe uratewe amakenga n’izo ngabisho ziza zivuga ku bijanye n’umugambwe CNL.

Umugambwe CNL hamwe na UPRONA yaragabishijwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi ko hamwe hoba intureka mu gihugu bivuye kuri iyo migambwe yokwibonerako.

Abanywanyi ba CNL babandanya biyongera

Ubushikiranganj bw’umutekana bwemeza ko iyo migambwe uko ari ibiri ariyo CNL ya Rwasa Agathon hamwe na UPRONA ya Gaston Sindimwo ko iriko ikokeza akajagari imbere hamwe mbere n’inyuma y’amatora.

Ariko naho biri uko, umugambwe CNL wanditse ku rubuga rwawo rwa Twitter ko ‘utewe amakenga n’izo ngabisho’.

“Ni igiki cinyenegeje inyuma y’ayo matangazo y’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubw’umutekano? kubera iki bareka hakaba ugusambagura inyubakwa za CNL no kuzimanganya ubuzima bw’abanywanyi ba CNL hamwe n’ibindi….”, niko CNL yanditse kuri Twitter.

Umugambwe CNL ugaca ushira ahabona ko ‘abakora amabi nkayo bose bakingiwe cane maze ntibakorwako ahubwo ko bakingiwe n’ubutegetsi budashaka ko abandi bavuga ibitangenda neza.