Anicet Niyonkuru yibaza ko General Maj.Evariste Ndayishimiye atowe ubwicanyi n’ubukene bizohagarara

0

Ivyo yabivugiye mw’itangazo yasohoye umusi asozera imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu afatanye n’ayabashingamateka n’abahanuzi ba komine kur’uyu w’Imana. Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP avuga ko General Major Evariste Ndayishimiye ariwe azi abagize inzego z’umutekano bose kuburyo ashobora gutanga amategeko yo guhagarika ubwicanyi aho usanga umuntu yabuze irengero canke agatorwa ikiziga kandi hariho inzego z’ubutungane.

Anicet Niyonkuru akavuga ko ivyo bari barayaze na Evariste Ndayishimiye, umukandida w’umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi, mu gihe yagira ave m’ubuhungiro ko yabikwirikije ko gushika ubu atawuramukomakoma ngo nuko ari mu mugambwe CDP akanuwurongora. Kikaba arinaco catumye uwo mugambwe CDP usaba abanywanyi bawo gutora uwo mu kandida wa CNDD-FDD.

Anicet Niyonkuru ukibaza ko uwo mukandida wa CNDD-FDD ashobora guteza imbere igihugu abantu bakaronka ubuzi bakaja kukivi amabarara agasubirwamwo ayandi akubakwa hamwe n’umutekano ukiyongera. Anicet Niyonkuru akavuga ko amaze imisi aduga hagati mu ntara zo mu Burundi bwije cane agashika amahoro. Uwo mukuru w’Umugambwe CDP arasaba ko amatora y’itariki 20 atoba intandaro y’umudurumbanyo mu gihugu hama abantu basubira guhugunga igihugu cabo.

Mwe Mwibaza ko General Major Evariste Ndayishimiye azoshika kur’iyo ntumbero ?