‘Abarundi bashaka ihinduka barahari’, Agathon Rwasa

0

Mu gihe  yariko akora imyiyamamazo kubwo kuzokwitoza mu kibanza c’umukru w’igihugu, Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yamenyesheje ko Abarundi banyotewe ihinduka bahari cane.

Agathon Rwasa yarabonwa cane ko yishimiye Abarundi amasizni n’amasinzi bamukurikira naho baterwa ubwoba.

Abihweza ibintu barabona ko naho hari igitsure kiva ku bari mu mugamwe uri ku butegetsi, hari abarundi amasinzi barengeye ico gitsure bararinda baraja ahabona baravuga ko bagiye ‘gusezerera umugambwe uri ku butegetsi’.

“Kubona hari abantu ibihumbi ku musi kumusi, bakarengera ubwoba maze bakiyerekana ku mugagaragro ko bashikigikiye abatavuga rumwe na leta, kandi bazi ko benshi muri bo bishwe, baraburirwa iregero canke bagafungwa, vyerekana ko Abarundi bashaka ko haba ihinduka biciye  mu gasandugu k’amatora”, niko umurundi umwe yabwiye Financial Times.

Mwomenya ko yaba umugabwe CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu nawo warangije imyiyamamazo ufise abantu batari bake mu gidsagara ca Bujumbura ku musi wa mungu.

Ariko kandi hari icatangaje beshi aho Agathon Rwasa yegeranya abantu amasinzi mu gisagara ca Gitega umurwa mukuru w’Uburundi wa politilke ku musi wa mungu igihe yarangiza ibikorwa vyo kwiyamamaza.