Umugambwe CNL urahakana ko ‘ ata nzu iriko irasha’ mu mugambwe wabo

0

Umugambwe CNL urahakana ko ‘ ata nzu iriko irasha’ mu mugambwe wabo n’uko biboneka mu nzandiko zashizwe ahabona ku mbuga ngurukana bumenyi.

Bitandukanye n’uko bamwe bavyibaza ko Rwasa Agathon ariwe yanse gutanga umushingamateka wa CNL badatanze we, uwo mugambwe waciye wihutira kwiyamiriza ibinyoma biriko bikwiragizwa.

Mu vyo uwo mugambwe wiyamiriza harimwo imvugo y’agacokoro y’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, yo kwerekana ko ‘Rwasa Agathon’ atashimye gusangira n’abandi.

Umugabwe CNL ukaba wiyamiriza imvugo nk’izo z’abategetsi bamwe bamwe bashaka kuzana imvuga z’amacakubiri ashingiye ku moko.

Abashingamateka ba CNL baremeza ko bari inyuma ya Shebuja wabo ariwe Agathon Rwasa ijana kw’ijana bitandukanye n’uko bamwe bamwe bariko bakwiragiza inkuru z’ibinyoma ku biberekeye.

Urwo rwandiko rwasinyweko n’abashingamateka bose ba CNL kugira berekana ugufatana mu nda na rirya abatari bake muri reta ya CNDD-FDD bashaka ko uwo mugambwe usambuka.

Raba izo nkaratasi zashizwe ahabona n’umugambwe CNL.