Leta y’Uburundi iragiriza Marguerite Barankitse kwankira impunzi guhunguka

0

Ivyi biri mwitangazo ryasohowe na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Leta y’Uburundi mu ndwi iheze. Mur’iryo tangazo umuvugizi wa Leta y’Uburundi yasavye ishirahamwe mpuzamakungu HCR ko ryofasha impunzi zahungiye mu gihugu c’Urwanda guhunguka na cane cane abasavye guhunguka baheruka kwiyandika kurutonde. Abo nabo bakaba bashika 320.

Ariko Prosper Ntahorwamiye akaba yaragirije umupfasoni Marguerite Barankitse arongoye ikigo Shalom cahora gikorera mu ntara ya Ruyigi ubu gikorera mu gihugu c’Urwanda gifasha impunzi zahungiye mur’ico gihugu. Prosper Ntahorwamiye akavuga kwizompunzi zishaka gutahuka zimaze guterwa ubwoba ko zishobora kumererwa nabi hamwe zotahuka. Mbere benshi bakaba bamaze kumenyesha ko bashizwe kurutonde atavyo bazi.

 

Ivyo biruko mu gihe umupfasoni Marguerite Barankitse ataragira ico avuze kur’ivyo yagirizwa, Leta y’Urwanda nayo na HCR bakaba bavuze ko abipfuza gutaha bazobafasha bagasubira mu gihugu cabo. Président Ndayishimiye nawe akaba aherutse kuvugira mu ntara ya Kirundo ko abagirizwa ivyaha vyo mu mwaka wa 2015 boshikirizwa Leta arongoye ikabacira urubanza hama izindi mpunzi ataco ziyagiriza zigatahuka.