Agathon Rwasa aragirizwa gushaka kwigungirako amabanga

0

Mu gihe hariko haratorwa umukuru w’Inama nshingamateka ku mus iwa gatanu, abashingamateka 32 barasohotse banse kuja murico gikorwa co gutora ibiro vy’inama nshingamateka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, abamenyeshamakuru bamubajije igituma yavuye murico gikorwa yavuze ko batashatse ko umugambwe CNL uja mu gikorwa co gutora umukuru w’Inama Nshingamateka, ko abari mu mugambwe CNDD-FDD bishimirije ubwinshi bwabo kugira batore uwutwara urwo rwego. Mwomenya ko Agathon Rwasa yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.

Ayandi makuru nayo yaciye aboneka ku mbuga ngurukana bumenyi yavuga ko basavye Agathon Rwasa ko yotanga irindi zina ry’umushingamateka Katty Kezimana kugira abe icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka. Ivyo Rwasa Agathon yoba yaranse avuga ko atariwe atawundi atanga. Inkuru zabeshujwe n’abari mumugambwe CNL abandi barazemeza. Abari mu mugambwe CNDD-FDD bobo barazemeje nk’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana kur’urubuga rwiwe rwa twitter aho avuga ko Agathon Rwasa ashaka kwikumirako vyose bikanazotuma umugambwe CNL usambuka. Abandi bakabona ko iyo ngendo ariyo gushaka guteranya abanywanyi b’umugambwe CNL. Abanywanyi b’uyu mugambwe nabo bakavuga ko Agathon Rwasa ashaka kwigungirako amabanga.

Agathon Rwasa akaba ataco arabivugako akavuga ko azobandanya ibikorwa vy’inama nshingamateka naho basohotse umusi wo gutora ibiro birongoye urwo rwego. Eka nyene n’umushingamateka Katty Kezimana nawene ntaco arabivugako.