Umucuraranzi Bruno Sibavimbere batazira Memba yagandaguwe n’abari babiteguye

0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikire, amenyesha ko umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi ryitwa Amicale des musiciens du Burundi, Bruno Sibavimbere, yishwe n’abantu bari babiteguye. Pierre Nkurikiye amenyesha, mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego z’igihugu cabereye mu ntara ya Mwaro kur’uyu wa gatanu, ko Bruno Sibavimbere batazira Memba, yakuwe mu giteramo c’umuziki yarimwo arabohwa hakoreshejwe imigozi y’itsinga arakubitwa bikomeye imbere yo gutabwa imbere y’urugo rwiwe.

Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, arabeshuza ko atari abagizi ba nabi bitwaje imipanga, batazira bamipanga, bahuye mu nzira ageze imbere y’urugo rwiwe muri quartier Kibenga iri muri zone Kinindo. Pierre Nkurikiye amenyesha kw’amatohoza abandanya kugira hamenyekane abakoze iryo bara.

Bruno Sibavimbere batazira Memba akaba yitavye Imana itariki imwe ntwarante, akaba ataribwatore ubwenge kuva aho atorewe ikururume itarikiri 22 ruhuhuma uyu mwaka imbere y’urugo rwiwe. Bruno Sibavimbere akaba yaramaze imyaka 10 atwara ishirahamwe Amicale des Musiciens du Burundi. Niwe yavuza ingoma mu murwi w’igihugu witwa Orchestre National Amabano igihe warugikora, Shemeza Music n’iyindi mirwi.