Igituma amaradio BBC Gahuza na VOA Ijwi rya Amerika zitarugururwa mu Burundi.

0

Mu kiganiro n’abavugizi b’inzego z’igihugu mu Burundi, habajijwe ikibazo c’impamvu amaradiyo yumvirizwa cane mu Burundi nka VOA ijwi rya Ameriaka na BBC Gahuzamiryango zitarugururwa.

Amaradio BBC Gahuza na VOA ijwi rya Amerika yari yahawe ikiringo c’amezi atandatu adasamirana mu Burundi, ariko rero ico kiringo kikaba cararenganye.

Umuvugizi woo kumenyesha amakuru muri CNC, Nestor Bankumukunzi, yatanze impamvu zitandukanye zituma ayo maradio atugururwa mu Burundi.

Kuri VOA ijwi rya Amerika, Bankumukunzi yamenyesheje ko igituma VOA itugururwa ari uko iyo Radio igikoresha umumenyeshamakuru w’umurundi atavuzwe izina kandi yagirizwa kuba yaragize uruhara mu bikorwa vyo gutembagaza inzego mu mwaka wa 2015.

https://twitter.com/RTNBurundi/status/1106491176042008576

Ku bijanye na BBC naho, Bankumukunzi yamenyesheje ko iyo Radio y’Abongereza yongereje ikibi mu kindi muri video yashize ahabona yavuga uko inzego z’umutekano mu Burundi zishe rubozo abatavuga rumwe na leta.

Bankumukunzi yavuze ko iyo video yiyamiriijwe na leta y’Uburundi kubera irimwo amakosa, maze amenyesha ko BBC gahuza izokwigwako vuba hama hafatwe ingingo.