UBM News ads

Ibikorwa vyo gucirinzira uruzi Nyabagere vyararangiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, kur’uyu wa kane aho yarikumwe n’abakozi bo mu kigo ABUTIP na ETRAC batsindiye isoko ryo kubaka aho amazi y’urwo ruzi aca. Freddy Mbonimpa akaba yarashimye ibikorwa ingene vyaranguwe n’aho vyatwaye amahera atari make. Freddy MBonimpa akavuga ko mairie ya Bujumbura izoguma idodora hose kugira n’izindi nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura zubakirwe ntizisubire gutwara amazu n’abantu.

Mwomenya kw’inzuzi indwi zica mu gisagara ca Bujumbura arizo Gasenyi, Nyabagere, Ntahangwa, Muha, Mutimbuzi, Kanyosha et Mpimba. Ibanki y’isi yose ikaba yaratanze amafaranga yo kwubakira inzuzi Gasenyi na Nyabagere ku ruhande zihana urubibe n’ibarabara nimero yambere y’igihugu RN1. Izindi nzuzi ntizirubakirwa naho zitarahitana abantu zimaze guhitana amazu ahegereye.

Uruzi Ntahangwa ruca mu mazone menshi y’igisagara ca Bujumbura rwari rwatanguye kubakirwa ariko ibikorwa vyarahagaze kumvo zitaramenyekana. Amazu menshi ari kunkengera ry’urwo ruzi akaba ashobora guhitanwa n’imivo ivuye kumvura nyinshi ishobora kurwa umwanya uwariwo wose. Mwomenya ko abantu 70 bahitanywe n’uruzi Gasenyi mu 2014 igihe harwa imvura y’isegenya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments