Ukurabana ay’ingwe hagati ya Amerika n’Uburundi

0

Mu ndwi turangije, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika carafashe ingingo yo guhagarika gutanga impapuro z’inzira canke ama visas atuma Abarundi binjira muri Amerika.

Ariko rero leta y’Uburundi yahavuye iva mu gacerere maze iragira ico ivuze kuri iyo ngingo ya Amerika ku gihugu c’Uburundi.

Mu kiganiro umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yashikirije uyu musi wa mbere, Nibigira Ezechiel yavuze ko abo Barundi birukanywe bahari.

Ariko rero, Nibigira yamenysheje ibindi bintu bituma Amerika n’Uburundi bibandanya birabana ribi.

Nibigira yavuze ko mu banyagihugu Amerika yirukanye harimwo n’abatari abarundi.

Nibigira aca asaba nyabuna Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko yofata ingingo yo kurungika abo banyagihugu bamwe bamwe batari Abarundi mu bihugu vyabo.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Ndayishimiye Evariste ashobora kugiranira imiganderanire mibi na Amerika mugihe hobandanya ukutabona ibintu kumwe.

Mwomenya ko hari haciye imisi mike cane Leta Zunze Ubuwme za Amerika zimenyeheje ko ico gihugu citeguriye gukorana neza n’umukuru w’igihugu mushasha w’Uburundi ariwe Evariste Ndayishimiye.