Abarundi benshi bijukiye imiti kama mu kwivura Coronavirus

0

Abarundi batari bake na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura bariko barirukira gukoresha imiti kama mu kwivura ikiza c’umugera wa Coronavirus.

Ivyo biri ukwo kubera ko kenshi usanga abaganga babijejwe ari bake canke ntibakire abarwayi bafise ibimneyestso vy’ingwara ya Coronaviris.

Abarundi batari bake bashima guca bihereza imiti y’ikirundi benshi bita imiti kama nk’imiravumba, amababi y’imikarutusi yera, ama tangawizi n’ibindi kubera ko usanga bataronka uko bavurwa kandi bikeka ko bafise ibimenyetso vy’ingwra ya Coronavirus.

Naho leta y’i Gitega n’ubu ikibandanya ifatira mu rwara iyo ngwara, aba nya gisagara ca Bujumbura barafise ubwoba bwinshi ko uwo mugera woba uriko urahanwahanwa ku rugero runini.

Leta y’Uburundi nubu ihamagarira abanyagihugu kwubahiriza amabwirizwa y’isuku hamwe no kuyakurikiza.

Ariko nta ngigo ruhasha nko gutegeka abantu kwambara twa dufukamunwa(masques) zirafatwa.

Abanya gisagara ca Bujumbura baravuga ko bamwe bamwe mu bapfa hashobora kuba bahitanwa na Coronavirus naho bataba bapimwe ngo vyemezwe.

Mwomenya ko ubu mu Burundi hamaze kumenyekana abantu bashika kuri 144 basanze baranduye umugera wa Coronavirus.