Président Petero Nkurunziza azohambwa kur’uyu wa gatanu i Gitega

0

Amakuru ariko araca ku mbuga ngurukana bumenyi amenyesha ko uwahoze arongoye Uburundi Petero Nkurunziza azoshingurwa ku mus iwa gatanu mu ntara ya Gitega. Benshi bakanunuga nuga ko ashobora gufubwa mu ntara ya Ngozi yavukamwo canke muri mairie ya Bujumbura. Hakvugwa mbere ko hariho n’impari hagati y’umuryango wiwe na Leta y’i Gitega ku kibanza azohambwamwo.

Ikiziga rero kikaba kikiri i Karusi nkuko ayo makuru abivuga, umuryango wiwe umwegereye ukaba ariwo uzoshikayo kumusezera irya nyuma. Ikiziga kikazoca kizanwa kuri Stade Ingoma mu ntara ya Gitega aho abenegihugu bazoshobora kumusezera.

Abo nabo bakazoza bambaye ishati yera n’i pantalon yirabura canke zera zose. Hakaba hategekanijwe ijambo rya Leta y’Uburundi n’iryumugambwe atarukamwo. Ibibanza bishika 3000 nivyo bitegekanijwe kandi bazoca baca kumazi uwo musi nyene.