Igihugu c’Ubwongereza catanze imfashanyop y’amafaranga angana na milioni 6 zirenga z’amadolari( hafi imiliyaridi 20 mu mafaranga y’Amarundi) yo gufasha impunzi zirenga 200 000 z’abarundi hamwe na 100 000 z’abakongomani.
Iyo mfashanyo ije hageze kubera ko impunzi muri Tanzania zari zabonye imfashanyo zahabwa igabanywa gushika ku bice 40% kubera kubura abafasha izo mpunzi, na cane cane iz’Abarundi zahunze kuva mu mwaka wa 2015.

Itangazo ry’iyo mfashanyo muri Tanzania rikaba ryashizwe ahabona na HCR Tanzania, nk’uko bishirwa ahabona na the Herald.
Uwuserukira HCR muri Tanzania, Chansa Kapaya, yashimiye cane igihugu c’Ubwongereza kuri iyo mfashanyo.
“Iyi mfashanyo izofasha HCR mu twigoro twayo two no gukingira n0 gufasha mu vya nkenerwa ku mpunzi zishika 300 000 hamwe nabarondera ubuhungiro(demandeurs d’asile) muri Tanzania mu 2019”, niko Chansa Kapaya yamenyesheje.





Recent Comments