Uciye kw’ibarabara rigabura quartier Mutakura na zone Cibitoke ibinogo ni vyinshi mw’ibarabara kuburyo imiduga igira ikibazo co kubisanya. Abenegihu bo mur’iyo micungararo bakavuga ko bagira ingorane zo kuronka imiduga ibunguruza kuko imiduga myinshi ica iheba guca aho hantu kugutinya kwononekara kw’imiduga yabo.

Ukase muri quartier y’icenda naho nyene nuko ibinogo ni vyinshi gushika ushike kw’ihinguriro Brarudi. Abanyonga imiduga n’amamoto bamenyesha ko ivyuma vyaho bihononekara kandi n’amasanganya aca aba menshi.
Ku masanganzira naho bitiriye Nations Unies ubandanije uja muri quartier Mutakura ibarabara risa niryafuditse hakaba hibonekeza ibinogo gusa, abatwara imiduga benshi bakaba barahevye iyo nzira kuko imiduga yohahonera.
Impande yo kw’ishure y’abapatiri Petit séminaire de Kanyosha, mu Kinanira hibonekeza ikimanga cagutse gushika kw’ibarabara rya kaburimbo. Abenegihugu bahegereye bakabona ko mumisi iza amazu ahegereye azobomoka kandi iryo barabara rizoca risambuka ryose abantu n’imiduga babure aho baca.





Recent Comments