Ivyo vyavuzwe n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi kur’uyu wa mbere ko hafashwe ingingo yo gusubiza iyo Kayihura Modeste mugihugu c’Urwanda kuko ariho yaje ava. Uwo yiyita uwubona ivyabandi batabona ariwe Prophete Modeste akaba yagirizwa n’igipolisi ubusuma, ububeshi mu gutera ubwoba, gufata abakobwa kunguvu hamwe no kutagira ibimuranga vyemewe.

Igipolisi kikavuga ko kur’uyu wa mbere nyene aza gusubizwa mu gihugu c’Urwanda. Uwo Modeste Kayihura akaba yarafise ishengere ryiwe mu nyubakwa za Hotel Source du Nil, akaba yamenyekanye gose inyuma yaho avugiye kw’iradiyo Buja FM ko abakinyi b’intamba mu Rugamba batamuhaye icicumi baronse bahejeje kunganya n’igihugu ca Gabon batazokina ihiganwa CAN rizobera mu gihugu ca Misiri.
Ivyo bikaba vyaratangaje abatari bake harimwo igipolisi c’Uburundi hamwe n’abarongoye umupira w’amaguru mu Burundi. Uwo Modeste Kayihura akavuga ko nubwambere yari yavuze ko Uburundi na Gabon bizonganya.





Recent Comments