Tuesday, December 6, 2022
HomeNewsUbwo Inama ku kibazo c'Uburundi n'Urwanda izoba?

Ubwo Inama ku kibazo c’Uburundi n’Urwanda izoba?

Mu kiganiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkuruniza yaremesheje ku musi wa gatanu mu ntara ya Ngozi, yaramenyesheje ko hakwiye kuba Inama yihuta yokwiga ibijanye n’ikibazo c’Urwanda n’Uburundi.

Nkurunziza yamenyesheje ati: “Turashaka ko EAC yobigiramwo uruhara ruboneka…kubera ko ari ibijanye n’imigwi irwana, kandi abantu babandanya bicwa, kandi ntibikwiye gufatwa minenerwe”.

Nkurunziza yamenyesheje ko Uburundi ata migambi mibi bufiytiye Urwanda, ariko ko ari Urwanda rufitiye Uburundi ‘imigambi mibi’.

Ariko hari ibiriko biba mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyerekana ko iyo nama izohava itaba. Akarorero ni uguterana amajambo guheruka kuba hagati ya Nkurunziza na Museveni.

Museveni niwe arongoye EAC muri kino gihe, kandi mu myiyerekano abarundi isinzi bakoze ku wa gatandatu mu nyandiko bari bafise bariyamirije ibijanye nizo nyandiko zagiye ahabona, izivugwa na leta y’Uburundi ko ari Ubuganda bwazisize ahabona.

Ikindi kandi, Urwanda rushobora kuramutswa gutwara umuryango wa EAC, ibitoza bihimbara Bujumbura maze bigatuma habandanya haba icuka kibi.

Must Read

RDC: M23 yemeye guhagarika intambara no gusubira ku birindiro vyayo vya...

0
Umuhari M23 wemeye guhagarika intambara ndetse no kurekura ibice vyose uherutse kwigarurira biri mu buseruko bwa Congo, mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Itangazo ryo kuri...