Abasirikare batatu hamwe n’umunyagihugu umwe nibo bitavye Imana mw’isanganya ryabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 30 Kigarama 2018, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itatu.
Iryo sanganya ryabereye kw’ibarabara Kayogoro-Makamba, imodoka yagize isanganya ikaba ari iy’igisirikare yari itwariye imfungurwa abasirikare bo muri Bataillon ya 420.
Iyo modoka y’igisirikare yagonganye n’umuduga wo mu bwoko bwa « Probox » ufise iparati ndangamuduga nomero I 4744 A, abasirikare batatu hamwe n’umunyagihugu umwe baca baritaba Imana aho nyene.
Uwariko atwara iyo modoka y’igisirikare hamwe n’abanyagihugu indwi barakomeretse bikomeye, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Makamba.
Iyo miduga ibiri yompi yarononekaye bikomeye.

Recent Comments