Ubutungane bw’Uburundi bwategetse ko Général Prime Ngowenubusa na Colonel Jean Bosco Daradangwa batabwa muri yompi vyihutirwa

0

Intwazangabo zibiri z’Uburundi zari zambitswe izera mu rubanza rwa mbere rw’abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA zaciriwe urubanza na sentare y’iyungururizo ya Gitega, rw’ugupfungwa ubuzima bwazo bwose. Ubutungane bw’Uburundi bwategetse ko abo bategetsi babiri botabwa muri yompi vyihutirwa, abo nabo akaba ari Général Prime Ngowenubusa na Colonel Jean Bosco Daradangwa.

Mu rubanza rwasomwe na sentare y’iyungururizo ya Gitega kuri uwu wa mbere, 21 mu banyororo 28 bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose, kw’isonga hakaba haza Général Cyrille NDAYIRUKIYE yigeze kuba umushikiranganji w’Uburundi ajejwe kwivuna abandi, akaba afatwa nk’uwateguye iryo geragezwa ry’uguhirika ubutegetsi bw’Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Muri iyo ngingo y’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ari kumwe n’izindi ntwazangabo mu gisirikare hamwe n’igiporisi vy’Uburundi, bose uko ari 21 bakaba bazomara imyaka 20 badakora akazi ka Reta.

siko

Batanu bandi baciriwe imyaka ibiri y’ugupfungwa, hamwe na babiri bambitswe izera. Abaciriwe igihano c’umunyororo bose bazotegerezwa kuriha indishi y’amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi zitandatu. Iyo ndishi yasabwe n’abitwaye batandukanye, aho tukaba twobawira nka Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi hamwe n’ubushikiranganji bw’umutekano, ivuga ko mw’igeragezwa ry’uguhirika ubutegetsi yahatakarije ibikoresho vyinshi n’abasirikare hamwe n’abaporisi.

Abandi basavye iyo ndishi ni umugambwe CNDD FDD uvuga ko wasamburiwe ingoro hamwe n’ibikoresho vy’uwo mugambwe. Hari kandi n’abantu barenga 10 ku giti cabo bavuga ko bahakomerekeye, bakahamugarira canke bakononerwa ivyabo, nabo bakaba basaba indishi izova muri izo miriyaridi zirenga 21 zitegerezwa kuzotangwa n’abagirijwe ico caha.

Urwo rubanza rwasomwe kuri uwu wa mbere, rukaba rwari rumaze indwi zibiri mu mwiherero muri sentare y’iyungururizo ya Gitega.

Abagirijwe ivyo vyaha bafise uburenganzira bwo kwunguruza muri sentare gasamburamanza, mu kiringo kitarenza amezi abiri.