Imodoka ya Lieutenant-Colonel Sindaye Dismas batazira Gafuni yaguye mw’isanganya

0

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abasirikare babiri bapfuye abandi 13 barakomereka bitewe n’impanuka y’imodoka yabaye mu gatono ko kuri uwu wa mbere kw’ibarabara rya Bujumbura-Bubanza, abo bahuye n’isanganya bakaba bari bagiye mu vyigwa ku Muzinda, nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi.

vo1

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare amenyesha ko abo basirikare bari bagiye ku Muzinda mu vyigwa bijanye n’ugutabara imbabare, imodoka barimwo ikaba yahuye n’isanganya igeze kw’ibarabara rigabura Bujumbura na Bubanza.

Abasirikare babiri baciye bitaba Imana, abandi 13 barakomerekana cane. Colonel Gaspard BARATUZA arabeshuza abavuga ko Lieutenant-Colonel Sindaye Dismas batazira Gafuni, umukuru w’ikambi yo ku Muzinda ari mubaguye muri iryo sanganya, akavuga ko atari muri iyo modoka, kuko yaraye mw’ikambi yo ku Muzinda asanzwe arongoye.

vo2

Tubamenyeshe ko iyo modoka yagize isanganya ari iyunguruza umukuru w’ikambi yo ku Muzinda, Lieutenant-Colonel Sindaye Dismas batazira Gafuni, akaba ari nawe yasubiriye mu kibanza carimwo umuhisi Darius Ikurakure aheruka kugandagurwa.

vo3