Uburundi na Turkiya bigiye gukorana mu vya Gisirikare.

4

Mu masezerano ya gisirikare igihugu c’Uburundi cakoranye n’igihugu ca Turukiya mu kwezi guheze kwa Kigarama 2018, harimwo umugambi wo gukorana mu vya gisirikare na canecane cane mu vyo guhanahana amakuru y’iperereza.

Ikinyamakuru gishira ahabona iyi nkuru, Nordic Research and Monitoring Network (NRMN), kimenyesha ko ciboneye ayo masezerano yasinywe hagati y’Uburundi na Turkiya, kandi ko harimwo uguhana hana amakuru hagati yavyo ku bihugu bindi bishobora kuba bibangamiye Uburundi na Turikiya

Ico kinyamakuruu kikamenyesha ko muvyo gukorana hagati y’Uburuundi na Turkiya ari mu bijanye no gukorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare, ibijanye no kwivuna umwansi, iperereza, uguhana hana amakuru.

Ariko, uwutavuga rumwe n’butegetsi bwa Turkiya yamenyesheje ico kinyamakuru ko atabona akamaro k’ayo masezerano hagati y’Uburundi na Turkiya. Yamenyesheje ati: “Ni akamaro nyabaki kuri Turkiya mu gukora aya masezerano n’Uburundi?”

Uwo atavuga urumwe yaribajije nimba Turikiya igiye kuza irakurikirana ibihugu bitavuga rumwe n’Uburundi nk’Ububiligi busanzwe butavuga rumwe n’Uburundi.

4 COMMENTS

  1. Hello, I think your site might be having browser compatibility issues. When I look at your blog site in Opera, it looks fine but when opening in Internet Explorer, it has some overlapping. I just wanted to give you a quick heads up! Other then that, superb blog!

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here