UBM News ads

Uburundi na Kongo vyiyemeje kugwaniriza hamwe Ikiza ca Ebola

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibihugu vy’Uburundi na Kongo vyiyemeje kugwaniriza hamwe ikiza c’ingwara ya Ebola kiriko kirabica bigacika mu ntara z’ubuseruko bwa Kongo  nka Nord Kivu na Sud Kivu.

Ivyo vyashitsweko mu nama hagati yabaserukira intara zigana urubibe na Kongo hamwe nuwo muri Kongo atwara Kivu y’amajepfo ejo ku musi wa mbere.

Mwomenya kandi ko ingwara ya Ebola yamaze kuvugwa mu bice vya Kivu y’amajepfo, intara ihana urubibe n’Uburundi, na cane cane intara ya Bubanza, Bujumbura na Rumonge.

Mu vyo abo baserukiye ibihugu bibiri biyemeje harimwo ukurwanya imirwi y’abarwanyi ibica bigacika mu buseruko bwa Kongo, gusuzuma uruja n’uruza mu kiyaga ca Tanganyika hamwe no gusuzuma abinjira n’abasohoko muri ivyo bihugu vyompi.

Ku bw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, uwo mugambi uzotuma ibihugu vy’Uburundi an Kongo bisihobora guhanahana amakuru agezweho kugira ngo ivyo bihugu vyose bihuriza hamwe mu kurandurana n’imizi  ikiza c’ingwara ya Ebola.

Mwomenya kandi ko hamaze kuboneka umuti wica umugera wa Ebola gushika ku bice 90%. Biramaze kugaragara ko abarwayi ba Ebola bakira mu gihe bahawe uwo muti hakiri hatararengerana.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments