UBM News ads

Buramatari w’intara ya Bujumbura amenyesha ko imishamirano yagabanutse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nkuko bimenyeshwa na Nadine Gacuti, buramatari w’intara ya Bujumbura bita Bujumbura rural, harakoreshejwe amanama menshi n’inyigisho nyinshi mu makomine kugira abenegihugu bamenye kubana neza badasangiye imigambwe hamwe no kubigisha ivyahindutse mw’itegeko rigenga amatora azoba mu mwaka w’i 2020. Aho ni munyuma yaho habaye kubomagura ingoro z’imigambwe CNL na CNDD-FDD mur’iyo ntara.

Nadine Gacuti akavuga ko izonyigisho zizoshika no mumitumba kugira bose bamenye ingene bazokwitwara muri ikigihe twegereje amatora yo mu 2020. Kukibazo c’imishamirano hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL na CNDD-FDD yabereye i Mubimbi n’i Nyabiraba, Nadine Gacuti yamenyesheje ko abafashwe mu makosa bashikirijwe ubutungane ubwo nabwo bukaba bwaciye butunganya urubanza rw’ikibiririraho. Buramatari w’intara ya Bujumbura akavuga ko uwutashimye urubanza rwacitse ashobora kunguruza.

Nadine Gacuti arashima igikorwa c’ihuriro ry’urwaruka rwama ruriko rurahanurana kugira rwijukire nyabuna imigambi y’iterambere. Buramatari w’intara ya Bujumbura akabona ko bibandanije uko amatora yo mu 2020 ashobora kugenda neza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments