UBM News ads

Abakirisu bo mu ntara ya Bubanza barabujijwe gukorana mu minwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyavugiwe mw’itangazo ryasomwe kur’uyu w’Imana mu nkuka y’Imisa aho Musenyeri wa Archidiyoseze ya Bubanza, Jean Ntagwarara, yasavye abakirisu kudasubira kuramukanya mu gihe bahanye amahoro ya Christu. Eka no bindi bihe ngo kuko ingwara yandukira cane y’umugera wa Ebola igeze mu gisagara ca Uvira hakurya mu gihugu ca Républika iharanira Démokarasi ya Congo.

Musenyeri Jean Ntagwarara akaba yasavye abakirisu ko mu kwakira umubiri wa Christu ari kuwakira n’amaboko ivyo kuwakira n’umunwa bibujijwe. Abanyagihugu nabo babandanya basaba inzego z’umutekano ko zofunga utuyira tutazwi n’amategeko duca ku ruzi Rusizi hamwe no kubuza uburovyi no guhiga mw’ishamba ryimeza rya Rukoko.

Abo benegihugu barasaba kandi ko boronswa urucanco rukinga uwo mugera nkuko abaganga bari ku bimbe zihana na Congo bazironkejwe bagacancwa kandi nabo muri Congo bari ku bimbe bakaba baracancwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments