Uburundi: Igihugu Ca Nyuma Kw’Isi Ata Munezero Uhari.

0

Mu cegeranyo ca ONU (World Happiness Report) cagiye ahabona ejo ku musi wa gatatu, harasohotse urutonde rwerekana uko ibihugu bifise umunezero mwinshi gusumvya ibindi hamwe n’ibidafise umunezero.

Igihugu ca Finlande co ku mugabane wa Buraya kikaba caje ubwa mbere bwa gihugu hari umunezero cane gusumba ahandi kwisi. Igihugu c’Uburundi kikaba kiza ubwa nyuma ku rutonde mu bihugu abanyagihugu bavyo badafise umunezero.

Ibihugu bine biri inyuma biza kuri urwo rutonde ni Uburundi, Centre Afrique, Sudani y’Epfo, Tanzaniya na Yemen. Ni inkuru mbi ku Burundi kubera ko casubiye inyuma mu bijanye n’ubuzima bw’abantu. Urutonde rw’ibihugu 156 rurabwa hisunzwe ingereranyo y’imyaka abantu bamara( Esperance de vie), umwidegemvyo mu kibano, hamwe n’uko igiturire cifashe muri ico gihugu.

Uburundi bukaba bwasubiye inyuma ibibanza bibiri kubera ko bwahora ku 154, ariko ubu bukaba bwabaye ubwa nyuma ku rutonde 156.

Ibihugu nka Ubudagi(15) Leta zunze Ubumwe za amerika(18), Ubwongereza(19) navyo biriko birasubira inyuma mu bijanye n’umunezera abanyagihugu bavyo bafise.ibihugu biza imbere kuri urwo rutonde ni Finlande, Danemark, Islande na Swisse.