Inyuma Y’Uburundi, Phillipines Nayo Yavuye Muri CPI.

0

Igihugu ca Phillipines kirongowe n’umutegetsi atarabwa ryiza na Sentere Mpanavyaha Mpuzamkungu CPI, cahisemwo gusokora naco kirava muri CPI inyuma y’aho Uburundi busa nubwabye igihugu ca mbere mw’isi kuva muri CPI. Umukuru w’ico gihugu, Rodrigo Duterte akaba yamenyeshejeje ko ibitero “bikaze” vy’abakozi ba ONU kuri ico gihugu bitoshobora kwihanganirwa na gato.

Umukuru w’igihugu ca Phillipines, Rodrigo Duterte, akaba yariko akurikiranwa n’ubutungane Mpuzamaungu ko igihugu ciwe gihonyanga agateka ka zina muntu bikabije mu ntamabara Duterte yatanguje yo kurwanya ibiyayutamutwe n’ababikoreramwo.

Ico gihugu kikaba casohoye itangazo ku kuva ku wa 13 Ntwarante 2018 kivuye “ku mugaragaro muri CPI”. Iryo tangazo rya Phillipines rikaba ryemejwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu hamwe n’umujanama wiwe mu butungane, bamenyesha ko amatohoza ya CPI yari umugambi w’abansi b’umukuru w’igihugu, Rodrigo Duterte.

Ubwo ibindi bihugu bibona ko bisa bn’ibibangamiwe na CPI ntibigiye kuva muri iyo sentare Mpuzamkungu ivugwa n’abagirwa ko ihohotera ibihugu bitaratera imbere nka Afrika na Aziya? Uko biri kwose hari ibihugu nka Afrika y’Epfo, Kenya, Syria n’ibindi vyama vyagabishije ko bishobora kuva muri CPI.