Monday, September 26, 2022
HomeNewsHuman Rights Watch Isaba Ko ‘Uburundi Bwokurwa Mu Murwi Wa ONU Ujejwe...

Human Rights Watch Isaba Ko ‘Uburundi Bwokurwa Mu Murwi Wa ONU Ujejwe Agateka Ka zina muntu’.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryama ryavuze ko hari ibitagenda neza mu Burundi, aho ubu hoho ku wa 13 Ntwarante ryamenyesheje ko nyabuna Uburundi bwokurwa mu Murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu( Conseil des Droits de l’Homme) kubera ko iryo Shirahawe ribona ko hari ibitagenda neza mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Human Rights Watch yamenyesheje iti : « Aho gukora ivyo ijejwe mu bijanyen’amategeko ngenderwako mpuzamakungu, Leta y’Uburundi iguma ihakana ko ata kibi na kimwe kihari. Abategetsi ntaco bakora kugira ngo bakurikirane abagirizwa ayo mabi hama bashengezwe, kandi ikaguma yanka gukorana n’Umurwi ukora amatohoza.

N’akanya kabereye ko abagize ONU bokwerekana ko ivyo bikorwa bitazokwijana hama barabe ko Uburundi bwokurwa mu Murwi wa ONU uraba ivy’agateka ka zina muntu”.
Human Rights Watch yamenyesheje kandi ko ishima amajambo ya Zeid yavuze ko Uburundi hamwe n’ibindi bihugu ari ‘ibibanza vy’ibagiro vy’abantu’, hamwe n’uko umurwi ukora amatohoza ku Burundi uriko uvyifatamwo neza.

Human Rights Watch nayo irabona ko hakozwe canke mbere hariko hakorwa bike kugira ngo agateka ka zina muntu ntikabandanye gatituka mu gihugu c’Uburundi, mbere Human Rights Watch ikamenyesha ko ibintu bitera vyunyuka mu Burundi.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...