UBM News ads

Uburundi bwoba bugiye gusezerera Michel Kafando.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihe Inama ya ONU y’umutekano yategerezwa kwiga kukibazo c’Uburundi ku musi wa kabiri, iyo nama ntiyabaye kubera ko Uburundi bwavuze ko butacizeye Michel Kafando, intumwa ya ONU mu Burundi.

AFP ishira ahabona iyi nkuru ikamenyesha ko abategetsi muri ONU basibije iyo nama ku Burundi kubera ‘amabanga y’indani’ mu Burundi atuma ico gihugu gishaka gusezerera Michel Kafando.

Uwuserukira Uburundi muri ONU, Albert Shingiro yama yasavye ko Uburundi bwokurwa ku rutonde rw’ibihugu vyigwako muri ONU kubera ko Uburundi butakiri ‘intambamyi ku mahoro n’umutekano mw’isi’.

Ikinyamakuru kimwe camenyesheje ko Uburundi bwoba bushaka kwikura kuri Kafando kubera urugendo Kafando aheruka gukora mu Rwanda muri uku kwezi.

Leta y’Uburundi bikaboneka ko yoba itashimye ukuntu iyo ntumwa ya ONU ikora urugendo mu gihugu c’Urwanda gisanzwe kitumvikana n’Uburundi.

Michel Kafando akaba yari yasubiriye Benomar Jamal uwiyamirijwe n’Uburundi kubera kutabona ibintu kumwe n’Uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments