NEWS

Michel Kafando yakiriwe mu Rwanda.

on

Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, ariyo Michel Kafando, yarakoze urugendo ejo mu gihugu c’Urwanda, igihugu kidacana uwaka n’Uburundi.

Michel Kafando akaba yakiriwe na Richard Sezibera, umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwada n’ayandi makungu.

Ubushikiranganji bw’Urwanda n’ayandi makungu nta vyishi bushima kumenyesha kuri uwo mubonano udasanzwe hagati ya Michel Kafando n’abategetsi b’Urwanda.

Uko biri kwose, iyo ngingo Kafando Michel yafashe yo kuja mu Rwanda ntiza kuza inezereza Ubutegetsi bw’Uburundi kubera imigenderanire itari myiza n’umubanyi wabwo wo mu Buraruko.

Leta y’Uburundi ikaba itari isanzwe ihuza cane na Michel Kafando ku bibazo bimwe nk’uko ivy’agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi naho Kafando akunze kuvuga ibigenda neza igihe ariko ashikiriza ijambo imbere y’Inama nkuru ya ONU ku bijanye n’;igihugu c’Uburundi.

Urwo rugendo rushobora kandi gutuma leta y’Uburundi yiyumvira ukundi Michel Kafando.

Canke mbere n’imyiyerekano itunganywe n’Ubutegetsi bw’Uburundi kugira hiyamirizwe iyo migenderanire Kafando ariko agiranira n’Urwanda.

Recommended for you