NEWS

Inama y’umutekano ya ONU k’Uburundi yasibijwe

By

on

Ibihugu bitanu kuri 15 bigize inama y’umutekano muri ONU arivyo Ubufaransa, Ububirigi, Ubudagi, Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Pologne akaba arivyo vyasavye iyo nama kugira bihweze hamwe ingene Uburuni bwifashe muri kino gihe. Hakaba hari hahejeje gusohoka ingingo mfatakibanza ya sentare ntahinyuzwa n’umushikirizamanza manza mukuru yo gufata amatungo y’abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi ryo mu 2015 n’iminyiyerekano yabaye imbere y’iryo hirikwa.

Uwuserukira Uburundi mur’iyo nama, ambassadeur Albert Nshingiro, akaba yamenyeshe kurubuga rwiwe rwa twitter ko ivyo bihugu bitanu arivyo vyonyene bizi igituma vyatumyeko iyo nama, akavugako ivyo bihugu bitanu harimwo ibifise uruhara mw’ihirikwa ry’ubutegetsi ryo mu 2015 arivyo biguma bitumako izo nama k’Uburundi kandi amahoro ari yose m’Uburundi.

Abatavuga rumwe na leta bobo ntibakicemera ivyayo manama ya ONU. Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kur’uyu wambere uvuga ko amanama ya ONU ataco avamwo kubibazo vya demokarasi m’Uburundi n’impunzi ziri hanze y’igihugu kuva mu 2015

Recommended for you