Uburundi bwashizwe mu mugwi w’ibihugu bitagira Demokrasi mw’isi. Ivyo bishirwa ahabona n’Ikinyamakuru Freedom House rishira hamwe ibihugu mwisi bitagira demokrasi ariyo ntwaro rusangi.
Freedom House ivuga ko agateka ka zina muntu gahonyangwa mu Burundi co kimwe n’ibindi bihugu bitagira Demokrasi mw’isi.

Uko ivyo mu Burundi vyifashe vyageraranijwe n’ibibera mu bihugu nka Venezuela, Serbie, Nicaragua, Cambodge, Bangladesh, Pakistan n’ibindi.
Nk’uko Freedom House ibishira ahabona, ivyo bihugu bivuzwe aho haruguru cokimwe n’Uburundi birangwa n’uko haba amatora adaciye mu muco, hakabura umwidegemvyo mu guserura ivyiyumviro vya politike hamwe n’ubwigenge ku binyamakuru.
Freeedom House irangiza ivuga ko Uburundi buza mubihugu indwi vya mbere kwisi mu bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu.





Recent Comments