UBM News ads

Abamenyeshamakuru bo mukinyamakuru Iwacu bararengukishijwe gihutihuti

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyabaye kur’uyu wambere i Bubanza aho abo bamenyeshamakuru bane baza bumva babahamagaye mu gasho aho bafungiwe mu ntara ya Bubanza ko abacamanaza bo muri sentare isuburamwo imanza yo muri komine Ntahangwa bashaka kubumviriza ku ngingo basavye yo kuburana bidegemvya.

Ariko abababuranira bakaba bari bahawe isango ry’itariki 18 munyonyo 2019. Kur’uyu wambere naho hakaba hari itariki 11 munyonyo. Ivyo bikaba vyaratangaje abo bamenyeshamakuru n’ababuranira kuburyo baciye banka kuburana batarikumwe n’ababuranira.

Abo bamenyeshamakuru bakaba bamaze imisi 22 bafunzwe bakaba bafashwe itariki 22 ukwezi kw’icumi mu gihe bari bagiye kurondera amakuru muri komine Musigati havugwa ko hari imigwi yitwaje ibigwanisho yateye murako karere. Mugufatwa bagirijwe ko bifatanije n’abo bariko baragwana bashaka gufata ubutegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments