Uburundi Busaba Imigenderanire Mu Vy’Ubutunzi Na Iran.

0

Mu kiganiro umukuru w’Ibiro vy’Ubudandaji n’Amahinguriro mu Burundi, Audace Ndayizeye, yagiranye na amabassaderi wa Iran mu gihugu c’Uburundi, Morteza Mortazavi, yarashizwe ahabona ugushaka kw’Uburundi icipfuzo co kwagura imigenderanire mu vy’Ubutunzi n’urundandaza hagati y’ibihugu vya Iran n’Uburundi.

Audace Ndayizeye arongoye CFCIB (Chambre Fédérale de Commerce et de l’Industrie du Burundi), yabonanye na Morteza Mortazavi mu gihugu c’Ubuganda aho bagiranye ico kiganiro, aho Ndayizeye yamenyesheje ko imice itandukanye y’ubutunzi bw’uburundi ikeneye abanya mitahe bava mu gihugu ca Iran, nk’uko Ikinyamakuru Islamic Republic News Agency( IRNA) kibimenyesha.

Audace Ndayizeye akaba yamenyesheje ko imice y’ubutunzi ihambaye cane ku gihugu c’Uburundi ikaba ari iyijanye n’uburumyi, ubuhinga, ukwubaka ama stations y’ibitoro hamwe no kuronswa ibitoro, ibijanye no kuvomera imirima, ukwubaka amabarabara, gushiraho amahinguriro ahingura isima, nibindi…

Ndayizeye akaba yamenyesheje ko Uburudi bufise ububasha bwo gushora hanze y’igihugu ikawa, icayi, ipampa hamwe n’isukari ku giciro ciza. Uwo aserukira Iran mu Burundi, Morteza Mortazavi, yaramenenyesheje icipfuzo c’igihugu ciwe co gushiraho mu Burundi amashirahamwe n’amahinguriro akora mu bijanye n’uburimyi, amahinguriro, amasôko ntanganguvu, umuyagankuba, ibitoro, ubuhinga bwa none.

Morteza Mortazavi akaba yaciye atumira uyo mukuru w’Ibiro vy’Ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi, Audace Ndayizeye, kwishikira mu gihugu co muri Iran akibonera uko amashirahamwe yo muri Iran akora hamwe n’ibihingurwa muri ico gihugu.