Uwahoze Ari Umushikiranganji Ku Ntwaro Ya Robert Mugabe Avugwa Ko Yahungiye Mu Burundi.

0

Uwahoze Ari Umushikiranganji Ku Ntwaro Ya Robert Mugabe, Mandiitawepi Chimene, avugwa ko yoba yahungiye mu Burundi atinya ugukurikiranwa ku mabi yakoze ari ku ntwaro ya Robert Mugabe aheruka gukurwa ku butegetsi n’igisoda co muri ico gihugu.

Nk’uko ikinyamakuru co ngaho muri Zimbabwe , The Standard,kibimenyesha, Mandiitawepi Chimene ( kw’ifoto)yahungiye mu Burundi inyuma yo kuva muri Mozambique. Mandiitawepi Chimene akaba yari umukeba akomeye w’umukuru w’igihugu wa Zimbabwe ahari ariwe Emmerson Mnangagwa; mbere akaba yarashigikiye cane ko Robert Mugabe amukura mu mabanga yo kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

Nk’uko ico kiyamakuru kibishira ahabona, uyo yahoze ari umushikiranganji ku ntwaro ya Robert Mugabe akaba aronderwa vyihuta ngo yishure ku vyaha yagirizwa vyo gukora nabi mu kazi kiwe, aho mbere yakoze ikosa ryo gutuma ko azanirwa inyama z’inzovu zishwe ku mafaranga y’amadolari y’abanyamerika 1 800 $( nk’amarundi hafi imiliyoni 5).

Ikindi caha uyo Chimene yagirizwa ni ico gushaka kugurisha itongo ry’umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF maze akariha urwaruka; ivyo bikaba vyabonywe ko ariko arasesagura, nk’uko ibinyamakuru vy’aho muri Zimbabwe bibimenyesha.